Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Boko Haram yisasiye inkumbi
Nigeria : Boko Haram yisasiye inkumbi
lundi 14 Ndamukiza 2014
Abantu bagera kuri 60 nibo bishwe n’intagondwa z’aba islamistes mu gihugu ca Nigeria nk’uko bivugwa n’umwe mu bayobozi bo mu karere k’Uburaruko bw’ico gihugu.
Intagondwa zo mu muhari wa Boko Haram rero, zikaba arizo zitungwa agatoke kuba zarasheshe amaraso y’abo banyagihugu isinzi. Kuri uyu w’Imana mu gaturuturu, izo ntagondwa zitwaza idini rya Islam, zikaba zateye uburere bwa Amchaka hamwe no mu micungararo yaho nk’uko , Baba Shehu Gulumba umwe mu bayobozi bako gace abivuga.
Mwomenya ko uwo muhari wa Boko Haram umaze gutikiza ibihumbi n’ibihumbi aho mu gihugu ca Nigeria. Uretse ko batagera umutwe abanyeshure bari mu ndaro, abatama n’abatamakazi, abavyeyi n’ibibondo eka n’ibitungwa vy’abanyagihugu, barajaniranya. Abanyagihugu bo muri Nigeria bakaba bama imitima iri mu kirere kubera kwikanga ko batarara, bahitanywe n’abo barwanyi ba Boko Haram.

Aristide Nizigire