Accueil > Poritike > Imigambwe > Umukuru w’igihugu yasabwe kurenganura abapfungiwe ubusa mu minsi 169 asigaje (...)
Umukuru w’igihugu yasabwe kurenganura abapfungiwe ubusa mu minsi 169 asigaje ku butegetsi
lundi 9 Ntwarante 2015
Abanywanyi b’imigambwe itandukanye bari bagiye kugarukira ku banywanyi b’umugambwe MSD bari bamaze umwaka wose batawe muri yompi, ntibigeze boroherezwa n’igiporisi ko bashika kw’ibohero rya Mpimba.

Abantu isinzi bari barwiriyemwo abakenyezi n’urwaruka, bari bishikiye kw’ibohero rikuru rya Mpimba, aho bari bagiye kugarukira ku banywanyi b’umugambwe MSD bapunzwe kuva ku wa 8 Ntwarante umwaka uheze. Abaporisi benshi rero, akaba aribo baboneka kuva ku Musaga, gushika kw’ibohero rya Mpimba, mu gatondo ko kuri uyu w’Imana, igenekerezo rya 8 Ntwarante. Yaba abo banywanyi b’iyo migambwe bari kumwe n’incuti n’abagenzi babo bapfungwa, canke abandi bose bari bagiye kugarukira kubantu babo bapfunzwe, bose nta n’umwe yarekuriwe kwinjira mw’ibohero.
Abanywanyi b’imigambwe iri mu runani ADC Ikibiri bari kumwe n’abo mu mugambwe UPRONA, ishami riyoboka umushingamateka Karri Nditije, bakaba baciye basubira inyuma n’ishavu ryinshi, kubona bankiwe kubonana n’abo bapfunzwe. Umwe mu bakenyezi bari ngaho, akavuga ko bibabaje kubona n’abakenyezi bapfunzwe vyanse ko bipfurizwa umunsi mukuru mwiza w’abakenyezi. Yasavye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, kurengera ibibazo vya poritike, akarekuza abo banywanyi ba MSD, maze muri iyi minsi 169 asigaje kubutegetsi, ico ciza baze bagume bakimwibukirako, abari mu migambwe itavuga rumwe nawe.
Tukabamenyesha ko, abo banywanyi b’iyo migambwe bamaze kwankirwa gushika kw’ibohero rikuru rya Mpimba, baciye bahurira hamwe, baraheza bipfuriza umunsi mukuru mwiza abakenyezi bari babaherekeje mw’ibohero rya Mpimba.
Aristide Nizigire
Messages
10 Ntwarante 2015, 17:56, par Nuwera
Abaririmvyi ba Alexis Sinduje muri Uniforms muri cathediral Mpimba umukuruwabonawe ariburaya kubaronderera imfashanyo za bibiriya (imbunda) inyuma yokwerekwa n’Imana yiwe Satani Ko igiye kumufasha gusenyura ububutegeti bwu Burundi, mpemuwa Satani wububeshi yaramuvugishije maze aravugango: Ndemeye kubincunguyabarundi ngompaka abarindi barose ivyobafungura gatatukumusi! ubwonyene aheneje kubivuga abamarayika ba Satani ahejeje kuvuga ivyo baciye bamurerura naburaya ati baaa, ariko bakimureruye yagendavugishwa avugango nibereye muntaraya Kirundo ngwabanyagihugu bamfasheneza ahorero mpemu wa Satani yarimuteje kuvuvimvyo ngokugira Kirundo abajejwe umutekano bagende kuhanyagaza ngokumbure hacehabonekana abandi baja murikorale yariyahejeje gutanguza muri Cothedral ya Mpimba, yiyibagizako amasengesho yabanyakirundo basenga kwariu’Imana yaremye Isi nijuru amapepu yiwe adashobora kwubahuka ahavyagiye Imana! Murumvarero gutanguza iyindi cathedral Kirundi vyamutaye kuwamazi.