Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
REGIDESO: ’’Ntiturota dukora umugambi ugayitse nk’uyo’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > REGIDESO: ’’Ntiturota dukora umugambi ugayitse nk’uyo’’

REGIDESO: ’’Ntiturota dukora umugambi ugayitse nk’uyo’’

jeudi 30 Ndamukiza 2015

Ubuyobozi bw’ishirahamwe ritanga amazi n’umuyagankuba(REGIDESO) burabeshuza amakuru yatanzwe n’abanyagihugu, babicishije mu buhinga ngurukana bumenyi, aho bamenyesha ko iryo shirahamwe rifise umugambi wo kurungika umucanwa mwishi kugira uturire amazu.

Mu gihe abarundi benshi bemeza ko baronka amakuru atandukanye amwe ugasanga ari ayaca ivutu, mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri rishira uwa gatatu, abenegihugu batari bake bo mu gisagara ca Bujumbura, bararonse inkuru ko ishirahamwe REGIDESO ryoba rifise umugambi wo kurungika ibigira nkana, umucanwa mwinshi mu ma kartier amwe amwe, cane cane arya ariko aberamwo imyiyerekano, yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu, kugira ngo amazu ace asha.

Ayo makuru ntiyatevye kubeshuzwa, nk’uko bivugwa n’ubuyobozi bw’iryo shirahamwe rya REGIDESO, umugambi ugayitse nk’uyo ntawo barota bakora. Baranahumuriza abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura ko batazigera baja mu b’ububisha nk’ubwo kandi ko bitazigera bishika.

Aho mukamenya ko hari n’amakuru yavugwa ko n’imihora yo gutumatumanako amakuru mu ma kartier arimwo imyiyerekano yoba igiye guhagarikwa.


AlidaS.

Messages

  • Ariko ukwoguhimba ibihuha bicingutu abenegihugu mwibaza kobizobashikana kuki? Ariko ivyomuvuga mubona harihimuntu yovyubahuka kubijora? Ivyovyoba kubwisanganya ntivyoba kubwokubishaka, jewmbere ndabona abategura igihuha nkico nukubitondera babarinkozizibibi karuhariwe!.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.