Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubuyapani : Ibirunga vyahitanye abantu bashika 30
Ubuyapani : Ibirunga vyahitanye abantu bashika 30
lundi 29 Nyakanga 2014
Mu gihugu c’Ubuyapani (Japon) hadutse ibirunga kuri uyu wa gatandatu uhaheze, abantu bashika mirongo itatu bakaba bapfuye, abandi bashika kuri mirongo ine bakaba barakomeretse.
Ivyo birunga bikaba vyadutse ku musozi muremure upima imetero 3 067, ku birometero 200 mu Buruko bushira Ubuseruko bw’umurwa mukuru wa Tokyo, bikaba vyateye abantu benshi batari bavyiteguriye baza kuduga uwo musozi n’abaza aho hantu kuratira ijisho.
Ejo hahaze abategetsi b’Ubuyapani bavuga ko abantu 31 bapfiriye hejuru k’umusozi, abandi 40 bakomerekejwe n’amabuye n’umunyota birurumba. Abashika kuri 550 baba soda, abaporisi n’abazimya umuriro (pompiers) bo muri ico gihugu babandanije gufasha mu kurondera abahitanywe n’ivyo birunga, ariko baciye bahagarika ivyo bikorwa kuko ivyo birunga vyari bikibandanya kwisuka.





Aristide Nizigire