Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyi Femi de J’Abat yiyemeje gutanguza "Fondation David (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Umuririmvyi Femi de J’Abat yiyemeje gutanguza "Fondation David (...)

Umuririmvyi Femi de J’Abat yiyemeje gutanguza "Fondation David NIKIZA"

vendredi 1er Myandagaro 2014

Inararibonye mu muziki w’Uburundi, umuririmvyi Femi de J’Abat amenyesha ko vyari bikwiye ko abaririmvyi bateje imbere akaranga k’Uburundi muri kahise bwokwibukwa, kugira n’abariko barakure bazokwame babafatirako akarorero. Femi de J’Abat yiyemeje gutanguza "Fondation David NIKIZA" kugira abakunzi biwe n’abandi bose bashaka kumumenya bazokwame bamwibuka.

Mu buruhuko arimwo mu Burundi, umuririmvyi Femi de J’Abat asanzwe aba mu gihugu ca Norvege, yaragendeye umuryango w’umuhisi David NIKIZA, kugira bavugane ibijanye n’iciyumviro yagize co gutanguza "Fondation David NIKIZA". Umuririmvyi Femi de J’Abat amenyesha ko bibabaje kubona umuririmvyi aba rurangiranwa, ariko amaze gupfa ivyiwe bikaba biheze, mbere akanababazwa n’ukubona bamwe muri abo baririmvyi bapfa bakenye cane, indirimbo zabo zateye imbere zigasigara ziradandazwa. Inyuma y’iciyumviro c’ugutanguza "Fondation David NIKIZA", umuririmvyi Femi de J’Abat amenyesha ko azovugana n’inzego zibijejwe mu gihugu, asabe ko abaririmvyi babaye rurangiranwa bohora bakorerwa ivyibutso (statut), bongere bitirirwe n’amabarabara kugira amazina yabo ntiyibagiranwe. Umuryango w’umuhisi David NIKIZA umenyesha ko wakiranye umunezero ico ciyumviro c’ugutanguza "Fondation David NIKIZA", kuko wari waragerageje wonyene biranka, bagashimira umuririmvyi Femi de J’Abat yiyemeje kubafasha mu ntambwe za mbere.

Nk’uko biri mu vyipfuzo vy’umuririmvyi Femi de J’Abat, "Fondation David NIKIZA" izorongorwa n’umwe mu bavukanyi ba David NIKIZA, atowe n’umuryango wiwe, hakazoca hugururwa agasandugu kugira abakunzi b’uwo muririmvyi yitavye Imana baze baraterera ico bashoboye. N’ibiteramo vyo kwibuka uwo muririmvyo bizohora bitunganwa. Mu nama yahuje umuririmvyi Femi de J’Abat n’umuryango wa David NIKIZA, umuririmvyi Femi de J’Abat niwe yiyemeje kubaza ibisabwa kugira iyo Fondation ishobore gutangura. Tubamenyeshe Nikiza David avuka mu muryango w’abana 16, abahungu 7 n’abakobwa 9. Ubu hasigaye abana 12 ni ukuvuga abahungu 4 n’abakobwa 8. Abari muri iyo nama yabahuje n’umuririmvyi Femi de J’Abat ni Jacquerine INAMAHORO, Jeanine NINGANZA, Grace NDAYISHIMIYE, Francine NIYONKURU, Marie Claire NIBIGIRA, hamwe na Nehemie NDAYIZEYE.

JPEG - 3.4 Mo
(Uva i bubamfu uja i buryo) : Jacquerine INAMAHORO, Grace NDAYISHIMIYE, Marie Claire NIBIGIRA, Umuririmvyi Femi de J’Abat, Francine NIYONKURU, Nehemie NDAYIZEYE, Jeanine NINGANZA

Umuryango w’umuririmvyi David NIKIZA ugasaba uwo wese yumva afise iciyumviro yoterera muri uwo mugambi ko yokwandikira mushiki wa David NIKIZA ariwe Jeanine NINGANZA kuri ninganza.jeanine@yahoo.fr canke akamuhamagara kuri (+257) 79426636


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.