Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yaya Touré na Eto’o ku rutonde rw’abakinyi 20 batunze cane kw’isi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Yaya Touré na Eto’o ku rutonde rw’abakinyi 20 batunze cane kw’isi

Yaya Touré na Eto’o ku rutonde rw’abakinyi 20 batunze cane kw’isi

vendredi 6 Ntwarante 2015

Hasohotse urutonde rw’abakinyi b’umupira ba mbere batunze kw’isi, kw’isonga haza Cristiano Ronaldo na Lionel Messi, ariko no muri Afrika harimwo Samuel Eto’o Fils na Yaya Touré wa Manchester City.

Kw’isonga ry’urutonde rw’abakinyi ba mbere batunze kw’isi haza ubwa mbere Cristiano Ronaldo wo muri Real Madrid afise amahera aharurwa mu miriyoni 210 z’ama "euros", akurikirwa na Lionel Messi wa Barcelone nawe afise ayaharurwa mu miriyoni 200 z’ama "euros". Uwa gatatu ku rutonde haza umukinyi Neymar Junior ku miriyoni 135 z’ama "Euros"

Amatohoza yakozwe na "Goal Rich List" ashira mu bibanza c’indwi Eto’o Fils ku miriyoni 87 z’ama "Euros", hamwe na Yaya Touré (Manchester City) mu kibanza ca cumi na gatanu, akaba afise imiriyoni 62 z’ama "Euros". Abo bakinyi babiri nibo bonyene bo ku mugabane wa Afrika bari kuri urwo rutonde.

Urutonde rwasohowe na Goal Rich List ruriko umukinyi umwe ava mu gihugu c’Ubufaransa ari mu kibanza ca 16, inyuma ya Yaya Toure. Uwo ni Frank Ribery afise imiriyoni 61 z’ama "Euros".

Urutonde rw’abakinyi b’umupira w’amaguru batunze kurusha abandi kw’isi :

1. Cristiano Ronaldo (Real Madrid) – 210 millions d’euros

2. Lionel Messi (Barcelona) – 200 millions d’euros

3. Neymar (Barcelona) – 135 millions d’euros

4. Zlatan Ibrahimovic (PSG) – 105 millions d’euros

5. Wayne Rooney (Manchester United) – 103 millions d’euros

6. Kaká (Orlando City) – 96 millions d’euros

7. Samuel Eto’o (Sampdoria) – 87 millions d’euros

8. Raul (New York Cosmos) – 85 millions d’euros

9. Ronaldinho (Queretaro) – 83 millions d’euros

10. Frank Lampard (Manchester City) – 80 millions d’euros

11. Bastian Schweinsteiger (Bayern) – 75 millions d’euros

12. Rio Ferdinand (QPR) – 72 millions d’euros

13. Gigi Buffon (Juventus) – 68 millions d’euros

14. Steven Gerrard (Liverpool) – 64 millions d’euros

15. Yaya Touré (Manchester City) – 62 millions d’euros

16. Franck Ribéry (Bayern) – 61 millions d’euros

17. Francesco Totti (Roma) – 60 millions d’euros

18. Gerard Piqué (Barcelona) – 58 millions d’euros

19. Sergio Agüero (Manchester City) – 58 millions d’euros

20. John Terry (Chelsea) – 56 millions d’euros


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.