IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Amasezerano y’abamenyereza ba Messager Ngozi yahagaritswe

Amasezerano y’abamenyereza ba Messager Ngozi yahagaritswe

vendredi 21 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko bishikirizwa na Elysé Niyubahwe ajejwe kumenyesha amakuru muri "Académie Le Messager", abamenyereza barabwa n’iyo ngingo ni Rukundo Jean de Dieu batazira Dodi hamwe na Niyonkuru Vladmir yari asanzwe amenyereza abanyegori b’umurwi Messager Ngozi.

Athanase Hatungimana azwi kw’izina rya Chokoloko arongoye "Académie Le Messager" amenyesha ko abagiye gusubirira abo bamenyereza bazomenyekana vuba. Umwe mu bavugwa ko bashobora guhabwa kumenyereza abakinyi b’umurwi Messager Ngozi ni umufaransa Jean Jacques yoba ari mu gushika mu Burundi.

Mu buyobozi bwa "Académie Le Messager" ntibavugira ku mugaragaro igituma iyo ngingo y’uguhagarika amasezerano y’abo bamenyereza yafashwe, ariko amakuru amwe amwe akaba avuga ko boba bahowe ko batashikanye kure umurwi wa Messager Ngozi, yaba mw’ihiganwa rya Primus Ligue canke mw’ihiganwa ry’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu.

Mw’ihiganwa rya Primus Ligue ryaraye risozerewe, umurwi wa Messager Ngozi uri mu kibanza ca gatandatu, ibitari bwaboneke kuva uwo murwi utanguye. Uwo murwi uheruka kandi kubura igikombe citiriwe umukuru w’igihugu, utsinzwe na Olympic Star y’i Muyinga mu rukino rwa nyuma. Muri urwo rukino, abamenyereza ba Messager Ngozi bagirijwe ko batigenjeje neza.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.