Bamwe mu barimyi b’ikawa ntibarahabwa amafaranga yabo

Yanditswe na IGIHE
Kuya 26 Mukakaro 2017 saa 12:08
Yasomwe : 2421
0 0

Mu runani rw’amashirahamwe y’abarimyi b’ikawa "CNAC-Murima w’Isangi basaba amashirahamwe hamwe n’amahinguriro atarariha abarimyi b’ikawa ko bonyarutsa gutanga ayo mafaranga, kuko arivyo bitevya abo barimyi kugura ifumbire.

Joseph NTIRABAMPA umukuru wa CNAC-Murima w’Isangi avuga ko muri urwo runani bazi ko hari abarimyi batarahabwa amafaranga y’ikazwa bashoye, ari naco gituma hari bamwe mu barimyi bavuga ko batarariha amafaranga basabwa n’ubushikiranganji bw’uburimyi kugira baronswe ifumbire.

Umukuru w’urwo runani asaba abo basanzwe bakorana ko bogira ibishoboka vyose, bakurikirane ko hoba hari abadandaza bagurira abarimyi ikawa ku mafaranga make.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha