IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Bresil:Ronaldinho Gaucho yahagaritse gukina umupira w’amaguru

Bresil:Ronaldinho Gaucho yahagaritse gukina umupira w’amaguru

mercredi 17 janvier 2018

Ronaldinho yatanguye gukinira umurwi Gremio wo mu gihugu ciwe imbere yuko atangura gukinira umurwi Paris St-Germain wo mu gihugu c’Ubufaransa mu mwaka wa 2001 gushika mu mwaka wa 2003.

Inyuma yo gukinira Paris St Germain yaciye aja mu murwi wa FC Barcelone wo mu gihugu ca Espagne kuva mu mwaka wa 2003 gushika mu mwaka wa 2005.

Umurwi wa FC Barcelone mu gihugu ca Espagne niwo murwi uwo mukinyi yamenyekaniyemwo cane .

Mu mwaka wa 2008 gushika mu mwaka wa 2011,Ronaldinho yakiniye umurwi wa AC Milan wo mu gihugu c’Ubutariyano.

Iyindi mirwi uwo mukinyi yakiniye ,n’umurwi Flamengo wo mu gihugu ciwe,imirwi ya Atletico Mineiro hamwe na Queretaro yo mu gihugu ca Mexique inyuma yaho yahavuye aja gukinira umurwi Fluminense wo mu gihugu ca Bresil.

Bimwe mu bikombe uwo mukinyi yatwaye hariho igikombe c’isi co mu mwaka wa 2002,mu mwaka wa 2005 yaronse umupira w’inzahabu naho mu mwaka wa 2006 atwara igikombe c’inkino zihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vya Buraya.

Ronaldinho ahagaritse gukina umupira w’amaguru afise imyaka 37, kuva mu mwaka wa 2015 akaba ata rukino rwo ku rwego rwo hejuru yari bwakine kuva avuye mu murwi wa Fluminense.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.