IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAF :Ihiganwa rya CAN rishobora gukinwa n’imirwi 24

CAF :Ihiganwa rya CAN rishobora gukinwa n’imirwi 24

jeudi 20 Mukakaro 2017

Inyuma yo guhanahana ivyiyumviro, abitavye inama iriko ibera mu gihugu ca Maroc ku murwa mukuru Rabbat, bavuze ko ingingo yo gushira ihiganwa rya CAN hagati y’ukwezi kwa 6(Ruheshi) n’ukwa 7(Mukakaro) bizotuma abakinyi bava ku mugane wa Afrika bakina mu mahiganwa y’i Buraya boroherwa.

Naho gutunganya ihiganwa rya CAN vyofata iyindi ntumbero, abagize umurwi w’abahinga mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika CAF basavye ko imbere y’uko igihugu gihabwa uburenganzira bwo kwakira ihiganwa, vyokwigwa neza.

Igitigiri kinini c’abakurikiranira hafi urukino rw’umupira w’amaguru muri Afrika bitavye iyo nama,bavuga ko utunenge ku bibuga tutabuze, na cane cane ku bijanye n’imisezero iri ku bibuga.

Abagize umurwi w’abahinga b’ishirahamwe CAF basavye ko ihiganwa rya CAN ryotunganywa neza,ku buryo inkino zo kurondera uburenganzira bwo gukina igikombe c’isi n’ica CAN zikinwa mu mwanya umwe, kugira ntibitware umwanya munini.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.