IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CAN 2017: Inyuma y’imyaka 39 Ubuganda bwasubiye kwitaba ihiganwa

CAN 2017: Inyuma y’imyaka 39 Ubuganda bwasubiye kwitaba ihiganwa

jeudi 5 Nzero 2017

Umurwi nserukira gihugu w’umupira w’amaguru mu gihugu c’Ubuganda waronse uburenganzira bwo kwitaba inkino z’igikombe ca Afrika kizobera mu gihugu ca Gabon, kuva kw’igenekerezo rya 14 Nzero 2017,inyuma y’imyaka 39 utaronka ayo mahirwe.

Bisa n’ibitazokworohera igihugu c’Ubuganda kuko kiri mu murwi umwe na Ghana, Egypte n’igihugu ca Mali, ivyo bihugu navyo bikaba bimenyereye ayo mahiganwa.

Kuba umurwi nserukiragihugu w’Ubuganda ushitse kuri urwo rugero, babikesha umumenyereza w’umurwi Milutin Sredojevic yamenyereje uwo murwi kuva mu mwaka wa 2013, kandi ibikorwa akora bikaba bishimisha abatari bake.

Umurwi nserukiragihugu w’Ubuganda uzokina urukino rwa mbere kw’igenekerezo rya 17 Nzero 2017, urwo rukino ruzohuza Ubugana hamwe n’igihugu ca Ghana.

Iryo higanwa rihuza imirwi nserukirabihugu rizotangura kw’igenekerezo rya 14 Nzero 2017 rirangire kw’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2017, rizobera mu bisagara bine Libreville, France-Ville, Port-Gentil na Oyem.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.