Accueil > Inkino > Amahiganwa > CECAFA : Igihugu ca Kenya catahukanye intsinzi mu rukino rwa (...)
 CECAFA : Igihugu ca Kenya catahukanye intsinzi mu rukino rwa mbere
 CECAFA : Igihugu ca Kenya catahukanye intsinzi mu rukino rwa mbere
				
				lundi 4 décembre 2017
Mu rukino rwo kwugurura ihiganwa, igihugu ca Kenya catsinze igihugu c’Urwanda ibitsindo bibiri ku busa, mu gihe mu rukino rwa kabiri hagati y’igihugu ca Tanzaniya n’igihugu ca Libiya ata watsinze uwundi.
Ku munsi wa kabiri w’ihiganwa,bitegekanijwe ko inkino zibandanya kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 4 Kigarama 2017,inyuma y’umutaga , igihugu c’Uburundi kiza gukina n’igihugu c’Ubuganda.
Igihugu c’Uburundi kiri mu murwi umwe na ’Ethiopie, Sudani y’Ubumanuko, n’Ubuganda.
MUGISHA Van Naris
