IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CECAFA U17 : Umurwi utegura ihiganwa wahinduye ikirangaminsi (...)

CECAFA U17 : Umurwi utegura ihiganwa wahinduye ikirangaminsi c’inkino

jeudi 12 avril 2018

Urukino rwa mbere rwahinduriwe umunsi ni urukino ruzohuza umurwi nserukiragihugu wa Somaliya n’umurwi nserukiragihugu wa Etiyopiya rwari rutegekanijwe kw’igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2018, rwimuriwe kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2018.

Urukino rugira kabiri rwahinduriwe isango, ni urukino rwa nyuma rw’iryo higanwa vyari bitegekanijwe ko ruzokinwa kw’igenekerezo rya 28 Ndamukiza 2018, rwimuriwe kw’igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2018.

Bitegekanijwe ko iryo higanwa ry’abana batarenza imyaka 17 rizotangura kuva kw’igenekerezo rya 14 rigahera kurya 29 Ndamukiza 2018.

Ibihugu bizokwitaba iryo higanwa rya CECAFA ry’abana batarenza imyaka 17 ni, Uburundi, Etiyopiya,Sudani yo mu Buraruko , Tanzaniya, Kenya, Ubuganda, Somaliya na Zanzibar.

Imirwi y’Urwanda, Sudani yo mu Bumanuko na Eritreya yari kwitaba iryo higanwa,niyo yamenyesheje ko itazoryitaba.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.