IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CECAFA U17 : Umurwi wa Zanzibar wakuwe mw’ihiganwa, Etiyopiya utsindwa (...)

CECAFA U17 : Umurwi wa Zanzibar wakuwe mw’ihiganwa, Etiyopiya utsindwa impaga

lundi 16 avril 2018

Mu nama yahuje abagize umurwi utegura ihiganwa rya CECAFA yabaye inyuma y’inkino zo kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2018, umurwi wa Zanzibar wahanishijwe kandi gutanga ihadabu y’ibihumbi 15 vy’amadorare y’abanyamerica ,gusubiza amafaranga yaguzwe amatike y’indege n’ibindi vya nkenerwa bakoresheje kuva bagishika mu Burundi, wongera uhagarikwa umwaka.

Ku ruhande rw’umurwi wa Etiyopiya, hejuru yo gutsindwa impaga ku rukino rwari rwawuhuje na Somaliya, abakinyi bawo batatu bahagaritswe mu rukino baca bakurwa kandi mw’ihiganwa.

Izo ngingo zatumye ikirangaminsi c’inkino za CECAFA z’abatarenza imyaka 17 gica gihinduka, aho urukino rwari rutegekanijwe kubera i Muyinga kw’igenekerezo rya 22 Ndamukiza 2018, ruhuza Tanzaniya na Sudani, ruzobera i Gitega kuri iryo genekerezo nyene.

Mu vyahindutse kandi harimwo amasaha inkino zitangurirako, ubu inkino zikaba zigiye kuza ziratangura igihe c’isaha icenda, mu gihe zahora zitangura isaha icenda n’igice.

Imirwi umunani, Uburundi, Tanzaniya, Zanzibar, Somaliya, Etiyopiya, Sudani, Ubuganda na Kenya, n’iyo yari yitavye iryo higanwa, ririko ribera mu ntara za Ngozi, Muyinga na Gitega.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.