IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CHAN2018 : Imirwi ibiri izokina urukino rwa nyuma yamenyekanye

CHAN2018 : Imirwi ibiri izokina urukino rwa nyuma yamenyekanye

jeudi 1er février 2018

Mu nkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma zabaye kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 31 Nzero 2018, umurwi wa Maroc watsinze umurwi nserukiragihugu wa Libiya, ibitsindo bitatu kuri kimwe.

Inyuma y’iminora 90 y’urukino, imirwi ibiri yaranganya igitsindo kimwe ku kindi, ariko umurwi nserukiragihugu wa Maroc, wahavuye utsinda ibitsindo bibiri, mu minota 30 bari bongewe.

Mu rundi rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma, umurwi nserukiragihugu wa Nijeriya watsinze umurwi nserukiragihugu wa Sudani, igitsindo kimwe ku busa.

Bitegekanijwe ko urukino ruhuza umurwi nserukiragihugu wa Libiya n’uwa Sudani rwo guhiganirwa ikibanza ca gatatu, ruzoba kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 3 Ruhuhuma 2018, mu gihe urukino rwa nyuma hagati ya Maroc na Nijeriya ruzoba kuw’Imana igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.