IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CHAN2018 : Inkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma ziratangura (...)

CHAN2018 : Inkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma ziratangura gukinwa

mercredi 31 janvier 2018

Ku kibuga co mu gisagara ca Casablanca, igihe c’isaha icumi na zibiri n’igice ku masaha y’I Bujumbura, umurwi nserukiragihugu wa Maroc, ari nayo yakiriye ihiganwa, uza gutana mu mitwe n’umurwi userukira igihugu ca Libiya.

Igihe c’isaha zitatu n’igice naho, umurwi nserukiragihugu wa Sudani ukaza gutana mu mitwe n’umurwi nserukiragihugu wa Nijeriya ku kibuga co mu gisagara ca Marrakech.

Ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 3 Ruhuhuma 2018, hazokinwa urukino rwo kurondera ikibanza ca gatatu, rukazohuza imirwi iza gutsindwa mu nkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma.

Urukino rwa nyuma rw’ihiganwa rukaba rutegekanijwe ku munsi w’Imana igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2018, ku kibuga co mu gisagara ca Casablanca


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.