IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Christiano Ronaldo yahawe agashimwe ku mukinyi mwiza mu mwaka wa (...)

Christiano Ronaldo yahawe agashimwe ku mukinyi mwiza mu mwaka wa 2016

mardi 10 Nzero 2017

Umukinyi Christiano Ronaldo ava mu gihugu ca Portugal, akinira umurwi Real Madrid yaronkejwe agashimwe gatangwa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA ,ku mukinyi yigenjeje neza mu mwaka wa 2016 kw’isi.

Ibirori vyo gutanga ako gashimwe vyabereye mu gisagara ca Zurich mu gihugu ca Suisse ku mugoroba wo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 9 Nzero 2017.

Christiano Ronaldo yahiganwa na Antoine Griezman ava mu gihugu c’Ubufaransa akinira umurwi wa Athletico Madrid mu gihugu ca Espagne,hamwe na Lionel Messi ava mu gihugu ca Argentine,akinira umurwi wa FC Barcelona.

Muri ivyo birori ,hatanzwe kandi agashimwe,ku mumenyereza Claudio Ranieri w’umurwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Ubwongereza Leicester City,kuko yafashije uwo murwi kuba uwa mbere bitari vyitezwe.

Hatowe kandi abakinyi 11 ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA, ryememeza ko bigenjeje neza mu mwaka uheze wa 2016. Abo nabo ni :

Umunyegori: Manuel Neuer
Abakinyi b’inyuma: Dani Alves, Gerard Pique, Sergio Ramos, Marcelo
Abakinyi bo hagati: Luka Modric, Toni Kroos, Andres Iniesta
Abasatirizi: Lionel Messi, Luis Suarez, Cristiano Ronaldo


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.