IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Espagne: Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru yahagaritswe

Espagne: Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru yahagaritswe

mardi 18 Mukakaro 2017

Angel Maria Villar hamwe n’umuhungu wiwe bahagaritswe n’igipolisi kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 18 Mukakaro 2017 mu ntumbero yo gukora amatohoza ku bivugwa ko bakoresha amayeri mu nkino mpuzamakungu.

Abicishije ku mboneshakure y’igihugu,umuvugizi wa Reta muri Eapagne yavuze ko ata numwe adashobora gukorwako,kandi bose bategerezwa kwubaha itregeko.

Amakuru dukesha imboneshakure y’abafaransa France24,ameneyesha ko hatanzwe uburenganzira bwo gusaka ku cicaro c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Espagne RFEF.

Angel Maria Villar w’imyaka 67 ans yatwaye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Espagne kuva mu mwaka w’1988,akaba yariko atwara iryo shirahamwe mu kiringo kigira umunani.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.