IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Espagne : Umurwi FC Barcelone watahukanye igikombe c’umwami ku ncuro ya kane (...)

Espagne : Umurwi FC Barcelone watahukanye igikombe c’umwami ku ncuro ya kane wikurikiranya

dimanche 22 avril 2018

Amakuru dukesha ikinyamakuru Eurosport amenyesha ko, kuva urukino rutangura, umurwi FC Barcelone wagumye urusha cane umurwi wa Seville, mbere ku munota wa 14, umukinyi Suarez yinjije igitsindo ca mbere ku mupira yari ahawe na Coutinho.

Ku munota wa 31 w’urukino, Lionel Messi yinjije igitsindo ca kabiri ca FC Barcelone, inyuma y’iminota icenda gusa, Lionel Messi atanga umupira mwiza kwa Suarez, uwo nawe yinjiza igitsindo ca kabiri muri urwo rukino.

Mu gice ca kabiri c’urukino, ku munota wa 52, Adres Iniesta yinjije igitsino ca kane, mu gihe Coutinho yaje kumarira urukino yinjiza igitsindo ca gatanu kuri penariti, ku munota wa 70.

Kibaye igikombe ca mbere umurwi FC Barcelone utahukanye muri uno mwaka, kikaba ica 30 c’umwami uwo murwi utwaye, ku ncuro ya kane wikurikiranya.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.