IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FC Barcelone : Ousmane Dembélé ashobora kumara amezi ane atabonetse mu (...)

FC Barcelone : Ousmane Dembélé ashobora kumara amezi ane atabonetse mu kibuga

lundi 18 Nyakanga 2017

Mw’itangazo umurwi FC Barcelone wasohoye kuri uno w’Imana igenekerezo rya 17 Nyakanga 2017, umenyesha ko Ousmane Dembélé yakomeretse cane mw’itako ry’ibubanfu ibishobora gutuma amaza hagati y’amezi atatu n’igice n’amezi ane atabonetse mu kibuga.

Ku bijanye naho azokwivuriza,umurwi FC Barcelone wamenyesheje kandi ko Ousmane Dembélé agiye kubagirwa mu gihugu ca Finlande.

Urwo rukino umurwi FC Barcelone yatsinze Getafe ibitsindo bibiri kuri kimwe ari narwo umukinyi Ousmane Dembélé yakomerekeyemwo rwari rubaye urukino rwa kabiri umukinyi Ousmane Dembélé akinye agatangura mu kibuga.

JPEG - 197.8 ko
Ousmane Dembélé ava mu kibuga ahejeje gukomereka

Ousmane Dembele yaguzwe ava mu murwi Borussia Dortimund amafaranga yabababa imiriyoni 145 z’amafaranga y’abanyaburaya,bigatuma aba umukinyi wa kabiri aguzwe amafaranga menshi muri kahise k’umupira w’amaguru,inyuma y’umukinyi Neymar yavuye mu murwi FC Barcelone aja mu murwi Paris Saint Germain mu gihugu c’Ubufaransa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.