IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FFB : Abakinyi batatu bahiganirwa agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza (...)

FFB : Abakinyi batatu bahiganirwa agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza bamenyekanye

mardi 29 mai 2018

Umunyegori Jonathan NAHIMANA wa Vital’O FC, URASENGA Danny Cédrick akina hagati mu murwi Messagerr Ngozi na SHAKA Bienvenue umusatirizi wa Aigle Noir, nibo barik bahiganirwa agashimwe gahabwa umukinyi yigenjeje neza mw’ihiganwa.

Amakuru dukesha ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, amenyesha ko umukinyi yaranze umwaka, azomenyekana kw’igenekerezo rya 1 Ruheshi 2018, mu birori bitari bwabe mu Burundi vyiswe Soirée de gala.

Ayo makuru nyene y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, amenyesha ko muri ivyo birori, hazotangwa kandi ubushimwe ku bakinyi 11 bagize umurwi w’akarorero w’umwaka, ku mukinyi akiri muto yigenjeje neza, ku mukinyi yarushije abandi ibitsindo hamwe n’agashimwe ku mukinyi yigenjeje neza mu Barundi bakinira mu mahanga.

Abo bakinyi batatu bahiganirwa agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza, batowe mu bakinyi 10 bari bashizwe ahabona n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB, abo nabo bakaba ari : Slim Saidi (Olympic Star), Pascal Ramadhan (Olympic Star), Iddy Museremu (Messager Ngozi), Sefu Thomson Ndizeye (LLBS4A), Fabien Mutombora (LLBS4A), Mabano Shabani (Aigle Noir) na Eric Kwizera (Les Lierres), hagaca hajako na batatu bariko barahiganirwa ico kibanza.

Umurwi Messager Ngozi ukaba ariwo watahukanye igikombe c’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu cicaco ca mbere mu mwaka wa 2017 ushira uwa 2018, ukaba wahejeje ihiganwa ufise amanota 70.

JPEG - 291.5 ko
Danny Cédrick URASENGA wa Messager Ngozi
JPEG - 87.1 ko
Jonathan NAHIMANA, umunyezamu wa Vitalo FC
JPEG - 65.7 ko
SHAKA Bienvenu wa Aigle Noir

MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.