IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FFB : Umurwi utunganya amahiganwa washize ahabona umunsi w’urukino rwa Super (...)

FFB : Umurwi utunganya amahiganwa washize ahabona umunsi w’urukino rwa Super Coupe

mardi 19 juin 2018

Nk’uko biri mw’itangazo ry’umurwi ujejwe gutunganya amahiganwa mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB, urwo rukino rwa Super Coupe, ruzohuza umurwi wa Messager Ngozi wabaye uwa mbere mw’ihiganwa Primus Ligue Burundi uno mwaka wa 2018, hamwe n’umurwi uzotwara igikombe c’umukuru w’igihugu.

Umurwi uzotwara igikombe c’umukuru w’igihugu uzomenyekana kuwa gatandatu igenekerezo rya 23 Ruheshi 2018, inyuma y’urukino rwa nyuma ruzohuza umurwi Vitalo FC n’umurwi Delta Star wo mu Gatumba.

Nk’uko biri muri iryo tangazo, urukino rwa Super Coupe ruzotangura igihe c’isaha icenda inyuma y’umutaga.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.