IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FFB : Urutonde rw’inkino za kivandimwe hagati y’umurwi w’abakiri bato n’uwo (...)

FFB : Urutonde rw’inkino za kivandimwe hagati y’umurwi w’abakiri bato n’uwo abakuze rwagiye ahabona

mercredi 6 juin 2018

Nk’uko biri ku rwandiko rw’umurwi ujejwe ubuhinga mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, imyimenyerezo ku murwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20 itegekanijwe mu gatondo kuva igihe c’isaha imwe gushika isaha zitatu z’igitondo.

Ku ruhande rw’umurwi nserukiragihugu w’abakuze, uwo murwi utangura imyimenyerezo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 6 Ruheshi 2018, imyimenyerezo ikaba itegekanijwe kuva igihe c’isaha icenda z’umuhingamo, gushika isaha icumi n’imwe z’umuhingamo.

Umurwi ujejwe ubuhinga mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, umenyesha ko mu ntumbero yo kwitegura neza, umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20, uzokina urukino rwa mbere rwa kivandimwe n’umurwi w’abakuze, kw’igenekerezo rya 16 Ruheshi 2018, isaha icenda z’umuhingamo,mu ntara ya Ngozi.

Izindi nkino za kivandimwe hagati y’umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20 n’umurwi w’abakuze, zizoba, kw’igenekerezo rya 24 Ruheshi 2018, ku kibuga c’intara ya Gitega, urukino rwa nyuma rwa kivandimwe rubere mu ntara ya Muyinga, kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2018.

Umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20 watanguye imyimenyerezo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 4 Ruheshi 2018, mu ntumbero yo kwitegurira urukino ruzowuhuza na Zambiya, mu ntango z’ukwezi kw’indwi, mu ntumbero yo kurondera uburenganzira bwo kwitaba ihiganwa ry’imirwi nserukirabihugu rizobera muri Niger mu mwaka wa 2019.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.