IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FFB yasiguye icatumye umurwi nserukiragihugu w’Uburundi utebera ku kibuga (...)

FFB yasiguye icatumye umurwi nserukiragihugu w’Uburundi utebera ku kibuga c’indege ca Sudani

samedi 19 mai 2018

Umukuru w’ishirahamwe FFB Reverien NDIKURIYO amenyeshako uko urugendo rwari rutunganije n’ishirahamwe ryatanze amatike ,umurwi nserukiragihugu w’Uburundi warigushika ku kibuga c’indege i Khartoum mu gitondo kw’igenekerezo rya 18 Rusama 2018 mu nyuma biza guhindurwa ariko ntivyamenyeshwa arivyo vyatumye umurwi w’Uburundi utebera kurico kibuga c’indege.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi rivuga ko bamwe mu banditse amakuru ajanye n’ico kibazo batabajije mw’ishirahamwe FFB kugira baronke umuco mu gihe hari abariserukira bari mu rurwo rugendo.

FFB rimenyeshako abahinduye uko urugendo rutunganije baza barasavye imbabazi eka no k’uruhande rw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi basavye imbabazi ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo muri Sudani kurivyo vyashitse.

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi “Intamba mu rugamba” wabatarenza imyaka 20 uzokina urukino rwo gusubiza kuruyu w’Imana igenekerezo rya 20 Rusama 2018 mu rukino rwa mbere rwabereye hano i Burundi ,imirwi yose yatahukanye inota rimwe mu kuganya igitsindo kimwe ku kindi.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.