IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FIFA : Ibihugu vyose bizokwitaba inkino z’isi 2018 vyamenyekanye

FIFA : Ibihugu vyose bizokwitaba inkino z’isi 2018 vyamenyekanye

vendredi 17 novembre 2017

Umugabane wa Buraya uzoserukirwa n’ibihugu 14 arivyo :
Ubudagi,Ubwongereza,Ububirigi, Croatie, Danemark ,Espagne,Ubufaransa , Islande, Pologne,Portugal, ,Serbie ,Suède ,Ubuswise hamwe n’Uburusiya arico catunganije izo nkino.

Umugabane wa Afrika uzoserukirwa n’ibihugu 5 arivyo : Misiri,Maroc,Nigeria,Sénégal hamwe n’igihugu ca Tuniziya.

Amerika y’Epfo izoserukirwa n’ibihugu 5 arivyo :Argentine ,Brésil,Colombie,Uruguay hamwe n’igihugu ca Pérou.

Umugabane wa Aziya uzoserukirwa n’ibihugu 5 arivyo Arabie Saoudite,Australie,Koreya y’epfo,Iran hamwe n’igihugu c’Ubuyapani.
Igikombe c’isi mu mupira w’amaguru kizobera mu gihugu c’Uburusiya.

Ibihugu biherereye mu gace ka Amerika ya ruguru,yo hagati hamwe no mu mazinga ya Karayibe bizoserukirwa n’ibihugu 3 bigizwe na Costa Rica,Mexique hamwe n’igihugu ca Panama.

Ico gikombe kizokinwa mu gihe ibihugu bimwe bimwe vyari bimenyerewe kwitaba ico gikombe nk’igihugu ca Chili co muri Amerika y’epfo,ibihugu vya Cameroun,Cote d’Ivoire hamwe na Ghana vyo ku mugabane wa Afirika hamwe n’ibihugu vy’Ubugiriki,Ubuhorande n’Ubutariyano vyo ku mugabane wa Buraya vyose bitazokwitaba izo nkino.

Tubibutse ko ico gikombe co mu mwaka wa 2018 kizoba kigize ica 21 giteguwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA , zikazobera mu gihugu c’Uburusiya kuva igenekerezo rya 14 ruheshi 2018 gushika igenekerezo rya 15 mukakaro 2018, ibibuga 12 akaba arivyo bitegekanijwe kuzoberako izo nkino.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.