IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ubufaransa : Umurwi nserukiragihugu mu mupira w’amaguru watanguye kwizera (...)

Ubufaransa : Umurwi nserukiragihugu mu mupira w’amaguru watanguye kwizera gukina igikombe c’isi

samedi 2 Nyakanga 2017

Ibitsindo bine vy’umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa vyinjijwe n’umukinyi Antoine Griezmann ku munota wa 14, Thomas Lemar yinjije ibitsindo 2 ku munota wa 73 n’uwa 88, icanyuma cinjizwa na Kylian Mbappé ku munota wa 90.

Inyuma y’intsinzi y’umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa,ico gihugu caciye gifata ikibanza ca mbere mu murwi kirimwo.

Umunyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Ubuholande batave, Dick Advocaat yavuze ko mu rukino bakinye n’umurwi w’Ubufaransa ata mahirwe bagize, ariko kandi n’umurwi w’Ubufaransa wari waje ukomeye.

Ku ruhande rwiwe ,umumenyereza w’igihugu c’Ubufaransa Didier yavuze ko urukino bari barwiteguriye neza, kandi bari babona uko baza kurukina.

Umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa usigaje gukina inkino zitatu harimwo zibiri uzokinira ku kibuga cawo.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.