IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > GANIRA ya Lumitel : Uburyo bworoshe bwo kuyaga n’incuti

GANIRA ya Lumitel : Uburyo bworoshe bwo kuyaga n’incuti

jeudi 24 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Egooooo, ishirahamwe Lumitel ntirihengeshanya kuzana bishasha ku banwanyi baryo, aho ubu ryazanye igisata ca "GANIRA" corohereza abanywanyi baryo mu kuyaga vyoroshe n’incuti n’abagenzi.

Ntimurambirwe no kuyaga n’incuti n’abagenzi. Ubuhinga bwa "GANIRA" buije gufasha abanywanyi ba Lumitel kuyaga n’incuti babicishije kuco twita USSD.

Si ivyo gusa, ico gisata ca GANIRA kirorohereza kandi abanwanyi badashaka kwuzuza udusandugu tw’ubutumwa bwabo, kuko ubwo butumwa buza burafudika ku mwanya ku mwanya.

Mu gukoresha ico gisata, biroroshe : Fyonda *870# muhitemwo 1

Muhejeje kwiyandikisha, subira mu fyonde *870# muhitemwo inomero y’uwo mwipfuza gutangura kuganira.

Kugira mu kuremwo ico gisata fyonda *870# muhitemwo 2

Menya neza ko uwo murungikiye ubutumwa bisaba ko abishura imbere y’imiseconda 60 ahandi buca bufudika, bigaca bibasaba ko musubira gufyonda *870# kugira musubire kuganira n’uwo mwipfuza.

Igisata ca "GANIRA" gikoreshwa ku buntu kugeza kw’igenekerezo rya 25/08/2017, inyuma y’aho igiciro kizoca kija ku mafaranga 50 Fbu ku munsi kandi ayo mafaranga arihwa n’uwutanguye ikiyago, ariko uwandikiwe nta mafaranga bamusaba.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.