IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > "Ibikenewe kugira twakire inkino za gisirikare muri EAC birakwiye" - (...)

"Ibikenewe kugira twakire inkino za gisirikare muri EAC birakwiye" - Gen.NGENDABANKA

vendredi 25 Myandagaro 2017

Gen de Brigade Marius NGENDABANKA amenyesha ko ibihugu vyose vyari vyitezwe guserukirwa muri ayo mahiganwa ya gisirikare ahuza ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko vyashitse, n’abakinyi bavyo bakaba bari i Bujumbura.

Uwo arongoye umurwi uriko utegura izo nkino avuga ko ikibazo c’ibibuga naco nyene camaze gutorerwa inyishu, kuko ibibuga vyose bizoberako inkino n’imyimenyerezo biriho, n’ibitari bitunganijwe neza vyaratunganijwe ku buryo bishobora kwakira izo nkino.

«Ibibuga birateguwe, vyinshi nivyo twari dusanganywe, ibitari bimeze neza vyarasubiwemwo ubu bimeze neza.»

Gen de Brigade Marius NGENDABANKA ahamagarira abarundi bose, cane cane abanyagisagara gusidukana n’iyonka gukurikirana iyugururwa ry’izo nkino, kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 26 Myandagaro 2017, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE, isaha icenda z’umuhingamo.

JPEG - 80.9 ko
Gen de Brigade Marius NGENDABANKA,arongoye umurwi utegura ihiganwa

Muri izo nkino zitunganijwe ku ncuro ya 11, bitegekanijwe ko hazoba inkino z’umupira w’amaguru, inkino z’umupira w’amaboko Basketball, Volleyball na Netball, hamwe no gusiganwa "Cross country".

Ibihugu bitanu nivyo bizokwitaba ihiganwa arivyo, Uburundi, Kenya, Ubuganda, Tanzaniya, n’igihugu ca Sudani yo mu Bumanuko caje nk’indorerezi kuko ari ihiganwa rya mbere ritunganijwe kuva cemerewe kwinjira mw’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Izo nkino zizorangira kw’igenekerezo rya 6 Nyakanga 2017 zizotanguzwa kuri uyu wa gatandatu isaha icenda n’urukino ruzohuza igihugu ca Kenya n’igihugu c’uburundi, mu rukino rw’umupira w’amaguru.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.