IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Inkino > FOOTBALL > CoupeDuMonde2018 : Imirwi yo k’umugabane w’afurika iridoga ko uburyo bushasha (...)

CoupeDuMonde2018 : Imirwi yo k’umugabane w’afurika iridoga ko uburyo bushasha bukoreshwa butayorohereza

Friday 29 June 2018, by vianney

Amakuru dukesha Jeune Afrique amenyeshako umukinyi rurangiranwa w’igihugu ca Maroc,Nordin Amrabat yashikirije ku mugaragaro ko igitsindo catumye igihugu ciwe kinganya mu rukino rwabahuje n’igihugu ca Espagne kitaciye mu mategeko bitumwe n’ubwo buryo bushasha.

Kubw’igihugu ca Misiri inyuma yaho gitsinzwe mu rukino rwagihuje n’Uburusiya cashikirije ibirego kivuga ko umuhagarikizi w’urwo rukino atagiye kwifashisha kuraba amakosa yakozwe hakoreshejwe ubwo buryo bushasha incuro zibiri zose mu gihe hibonekeje amakosa aboneka.

Igihugu ca Senegal kubwaco cashikirije ibirego bijanye na penariti batahawe mu gihe ubwa mbere bahiyahwe mu nyuma barayakwa kw’ikosa ryari ryakorewe umukinyi Sadio Mane,mu rukino rwabahuje n’igihugu ca Colombie.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.