Accueil > Inkino > Amahiganwa > Imirwi yitavye inkino za gisirikare yitezwe i Bujumbura kuri uno wa (...)
 Imirwi yitavye inkino za gisirikare yitezwe i Bujumbura kuri uno wa kane
 Imirwi yitavye inkino za gisirikare yitezwe i Bujumbura kuri uno wa kane
				
				jeudi 24 Myandagaro 2017
Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi Col Gaspard BARATUZA, yabimenyesheje abicishije ku rubuga rwiwe rwa twitter mu gatondo ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 24 Myandagaro 2017.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuwa mbere igenekerezo rya 21 Myandagaro 2017, Col Gaspard BARATUZA yamenyesheje ko ibihugu 5 arivyo bizokwitaba ayo mahiganwa, harimwo igihugu ca Sudani y’Ubumanuko kizokwitaba nk’indorerezi.
Bitegekanijwe ko urukino rwa mbere ruzokwugurura ihiganwa ari urukino rw’umupira w’amaguru ruzoba kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 26 Myandagaro 2017, ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko RWAGASORE, ruzohuza igihugu c’Uburundi n’igihugu ca Kenya,isaha icenda z’umuhingamo.
MUGISHA Van Naris

Messages
24 Myandagaro 2017, 15:12, par Hafsa
Iminsi mikuru itegurwa naba DD iba icuritse
24 Myandagaro 2017, 15:15, par Karikurubu
Iryo bendera ry’u Rwanda ririyubashe cane gose yaco murisiga umwanda wanyu n’ubube gito bwanyu,ntimukwiye no kurifata mwaba DD mwe
24 Myandagaro 2017, 19:33, par Teddy Bear
Karikurubu: usigaye kuvuga ngo so na nyoko ataco bari, barutwa n’abandi bantu.