IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > LUMITEL yatanguje Lumicash

LUMITEL yatanguje Lumicash

mardi 18 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu ntumbero y’ukubandanya izana bishasha, hamwe n’uguhimbara abanywanyi babandanya kuba benshi, LUMITEL yamenyesheje ko yatanguje ubuhinga bushasha bw’ukurungika amafaranga biciye muri Terefone ngendanwa : « LumiCash ».

LumiCash ni ubuhinga bushasha bufasha gufasha kurungikirana amafaranga amasaha 24 kuri 24, n’iminsi indwi ku ndwi. Ubwo buhinga bufasha kurungika amafaranga, kugura ama inite, hamwe n’ukuriha ivyo uguze aho ugeze hose, mu gihugu cose.

Kubera LumiCash, abanywanyi ba Lumitel bashobora :

Gushira amafaranga kuri konte ya LumiCash
Gukurako amafaranga kuri konte ya LumiCash
Kurungika amafaranga ku nomero iyariyo yose ya Lumitel
Kugura ama inite
Kuriha abadandaza

Nk’uko bama babigenza, muri LUMITEL baracari aba mbere mu bijanye n’amafaranga arihwa ku wushaka kurungika, hakaba hari n’abakozi ba Lumitel bafasha ababituye, mu gihugu cose : Umunywanyi yiyandikisha gute? Akoresha gute ubuhinga bwa LumiCash? Biroroshe, afyonda kuri *163# kuri terefone ngendanwa yiwe, aho bigasabwa ariko ko aba afise ikarata simu ya Lumitel. Umunywanyi asabwa gusa akurikiza ivyo abajijwe (izina, amatazirano, ikarata karangamuntu, pasiporo, n’ibindi). Canke akishikira ahakorera ishirahamwe LUMITEL.

Uwushaka kumenya canke ukubaza vyinshi yhamagara ku nomero 100.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.