IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Ligue des Champions: Seydou Doumbia yinjiye muri kahise yinjiza igitsindo (...)

Ligue des Champions: Seydou Doumbia yinjiye muri kahise yinjiza igitsindo ca mbere c’ihiganwa

jeudi 14 Nyakanga 2017

Seydou Doumbia yinjije igitsindo mw’ihiganwa ry’umwaka wa 2017 ushira uwa 2018, mu rukino rwahuza Olympiakos wo mu Bugiriki na Sporting Portugal yo mu gihugu ca Portugal, aho umurwi Sporting Portugal akinira watsinda umurwi Olympiakos ibitsindo 3 kuri 2.

Uwundi mukinyi w’umunyafrika ari k’urutonde rw’abinjije igitsindo ca mbere mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu ku mugabane wa Buraya ni Daniel Amokachi yatsindiye umurwi FC Bruges wo mu Bubirigi mu mwaka wa 1992 ushira uwa 1993 igihe bakina na CSKA Moscou.

Umukinyi Seydou Doumbia yinjije ico gitsindo ku munota wa kabiri w’urukino, ku mwanya umwe n’umukinyi Edison Cavani nawe yinjije igitsindo ca mbere mw’ihiganwa ry’umwaka wa 2016 ushira uwa 2017.

Umunsi wa mbere w’ihiganwa warangiye kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 13 Nyakanga 2017,mu nkino 8 zabaye hinjiye ibitsindo 26 mu gihe mu nkino 8 zabaye kuwa kabiri hinjiye ibitsindo 28.

Abandi binjije ibitsindo vya mbere ni aba, kuva mu mwaka w’1992 ushira uwa 1993.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.