IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Ligue des Champions : Uko imirwi izohura mu gice ca kabiri gishira ica (...)

Ligue des Champions : Uko imirwi izohura mu gice ca kabiri gishira ica nyuma vyamaze kumenyekana

vendredi 13 avril 2018

Igikorwa co gutora uko imirwi izohura mu gice ca kabiri gishira ica nyuma cabereye mu gihugu c’Ubuswise ku cicaro c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Buraya.

Inyuma y’amatora yabaye, umurwi Real Madrid wo muri Espagne watomboye ko uzokina n’umurwi Bayern Munich wo mu gihugu c’Ubudagi.

Urundi rukino ruzoba, ruzohuza umurwi AS Roma wo mu Butariyano, uzokina n’umurwi Liverpool wo mu gihugu c’Ubwongereza.

Inkino zo gutangura zizoba ku magenekerezo ya 24 na 25 Ndamukiza 2018, izogusubiriza zibe ku magenekerezo ya 2 na 3 Rusama 2018.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.