IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Ligue des champions : Real Madrid na Liverpool yaronse uburenganzira bwo (...)

Ligue des champions : Real Madrid na Liverpool yaronse uburenganzira bwo gukina igica ca 8 gishira ica nyuma

mercredi 7 mars 2018

Mu rukino rwa mbere rwo gusubiriza, umurwi Real Madrid watsinze Paris Saint Germain wo mu Bufaransa ibitsindo bibiri kuri kimwe, mu gihe mu rukino rwo gutangura, Real Madrid yari yatsinze Paris Saint Germain ibitsindo bitatu kuri kimwe.

Igitsindo ca mbere c’umurwi Real Madrid cinjijwe na Christiano Ronaldo ku munota wa 58 agitsinze n’umutwe, inyuma y’ikosa ryakozwe n’umukinyi w’inyuma Dani Alves, naho ku munota wa 71, Edinson Cavani yahavuye akigombora,mu gihe igitsindo ca kabiri ca Real Madrid cinjiye ku munota wa 80 cinjijwe na Casemiro.

Ni urukino rwari rurindiriwe n’abakunzi b’umupira w’amaguru kw’isi, kuko bashaka kuraba ko umurwi Paris Saint Germain ukora ibitangaza ugatsinda umurwi Real Madrid, naho wari ubuze umukinyi wawo rurangiranwa Neymar Junior.

Mu rundi rukino, umurwi Liverpool wo mu Bwongereza wanganije n’umurwi FC Porto wo muri Portugal ubusa ku bundi, mu gihe mu rukino rwa mbere,umurwi Liverpool wari watsinze ibitsindo bine ku busa.

Mu nkino zitegekanijwe kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 7 Ntwarante 2018, umurwi Manchester City wo mu bwongereza uza gukina na FC Bale , mu gihe umurwi Tottenham wo mu Bwongereza uza gukina na Juventus de Turin wo mu Butariyano.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.