IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ligue des champions:Urukino ruhuza Réal Madrid na Paris Saint Germain (...)

Ligue des champions:Urukino ruhuza Réal Madrid na Paris Saint Germain rurindiranywe igishika

mercredi 14 février 2018

Igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo ine n’itanu ku masaha y’ibujumbura, ku kibuga ca Santiago Bernabeo cegukira umurwi wa Réal Madrid,haza guca uwambaye hagati ya Paris Saint Germain na Réal Madrid, aho iyo mirwi yompi yashize amahirwe yayo yose mwihiganwa rya Ligue des Champions.

Ku ruhande rwa Réal Madrid, usa n’uwatakaje amahirwe yo gutsinda ihiganwa rya Espagne, hamwe n’igikombe c’umwami, amaso yose bayerekeje mw’ihiganwa rya Ligue des champions, bakaba bategekanya kwitanga ukwo bashoboye kwose.

Ku ruhande rwa Paris Saint Germain basa n’abamaze kwegukana ihiganwa ry’ubufaransa, bakaba bafise intumbero yo kuba mu mirwi ikomeye kw’isi, bipfuza cane gutwara ihiganwa rya Ligue des champions, ari naco catumye banagura abakinyi bakomeye cane nka Neymar Junior na Kyllian Mbappé.

Abakinyi Christiano Ronaldo na Neymar bakaba bitezweko ibitari bike.

Mu rundi rukino, umurwi wa Liverpool wo mu bwongereza uza gukina n’umugwi wa Fc Porto wo muri Portugal.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.