IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > Lumitel Burundi yazanye bishasha n’ikarata simu 4G

Lumitel Burundi yazanye bishasha n’ikarata simu 4G

samedi 24 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu ntumbero y’ukubandanya bazana bishasha kandi banezereza abanywanyi babo, mw’ishirahamwe LUMITEL Burundi batanguye kudandaza ikarata simu 4G igurwa amafaranga ibihumbi bitanu, ikaba irimwo akarusho (Bonus) k’ama Mega 500. Uwuguze iyo karata simu ahabwa kandi uko ukwezi gutashe akandi karusho k’ama Mega 500 aronka mu kiringo c’amezi atanu akurikirana.

N’abakoresha ikarata simu ya 3G ntibasigaye inyuma muri utwo tuganuke twa Lumitel Burundi, kuko iyo karata simu isigaye igurwa amafaranga amajana atanu, iryo shirahamwe rikaba ritegekanya n’utundi turusho duhabwa uwuyiguze.

Umunywanyi akoresha 3G iyo aguze agaseke ka internet ahabwa amafaranga igihumbi hamwe na Mega 30 hamwe n’ubutumwa bugufi 30 (30 SMS). Si ivyo gusa, uko ukwezi gutashe, ahabwa ayandi mamega 30 hamwe n’ubutumwa bugufi 30, mu kiringo c’amezi abiri akurikira igurwa ry’iyo karata simu ya 3G, ariko akaba yabanje gushiramwo n’imiburiburi rimwe mu kwezi ama inite y’amafaranga atari munsi y’amajana atanu.

Lumitel Burundi yibutsa abanywanyi bayo ko uko bashiramwo ama inite menshi, ariko n’uturusho two ku kwezi twiyongera. Uturorero :

1. Iyo ari ama inite ari munsi canke angana n’amajana atanu, umunywanyi aronka Mega 30 hamwe na SMS 30.

2. Iyo ari ama inite ari hagati y’amajana atanu hamwe n’igihumbi, umunywanyi aronka Mega 30 + SMS30+ amafaranga amajana atanu.

3. Iyo ama inite ari hejuru y’igihumbi, umunywanyi aronka MB30 + SMS30 + amafaranga igihumbi.


IGIHE

Messages

  • Yewe abarundi mwaragowe pe ngo 4G kuri sim card hhhhhhhh!!!!! twe mu Rwanda niyo dukoresha waba ufite sim card imeze ite ?? none mwe barababeshyeshya sim card mwasigaye inyuma kweri kubera kubafungirana muri ako gahugu kanyu murumva ari ibitangaza. ubundi se internet nkamwe mwayimaza iki ubundi nta bikorwa remezo byo kuyikoresha mufite ?? abaturage bakoresha ikoranabuhanga bangana iki koko??? ngaho mugumana na Mavoka kanyu udafite n’ ikintu nakimwe abateza imbere uretse kubica gusa .

  • @ Nkotanyi, mbese komukoneza kutubaniranabi imoandezore? Inyungu mubibonamwo niyihe?
    Icudashaka kokikubako ntukacifurize uwundi, ivyovyose mwakwatwifurije nkababanyi banyu ndibaza kwarivyomubona kwarivyiza bikwiye kuba kumubanyi wanyu mukundacane, kubwivyo ejo ahobukera namwe bizobabere kuno maze iterambere risakare mubihugu vyacu vyose.
    Mwavuzeko hako abarundi bahunze bosubira Burundi ngomutegerezwa gupfuma mubaronderera ibihuguvyakure bajamwo’ namwe nizobabere ukwonyene, mwavuzeko ikiringo CA Nkurunziza prezida wuburundi komutacemera namwe bizobabere ukwo, matetegesheje amamodokari kumupaka urwanda ruhana nu Burundi ngobaze mubahe ubuhungiro namwebizobabere ukwo, mucungisha ijisho abarundi barimumakambi yimpunzi ngontihagire uwubatoroka ngoyisubirire mugihugu ciwe camavukiro namwe bizobabere ukwo, mwihatirira kukorana nabasi bu Burundi namwe bizobabere ukwo, mufasha uwowese ashobora kuzakubangamira abarundi barimu Burundi namwebizobabere kuno ivyovyose mwipfuriza uburundi nabarundi namwe bizobabere ukwo.

  • @Hutsi uribeshya cyaaaaneeee kuko u Rwanda nigihugu gishikamye cyubakitse munzego zose kuva munzego zogasi kugera kuri president nanzego nimwe ijegajega ,urumva u Rwanda rwakangurira impunzi zabarundi gusubira mugihugu cyabo kumaraki ? mugihe ubwicanyi bigikomeza ? abasoda murabamaze mubica kandi bagapfira mugendekereza ryanyu nigute mwotinya kwica uwuhungutse kandi uvuye mu Rwanda urwaruka murumariye mu mpimba reka sinovuga amabi yose arigukoregwa I Bujumbura , so twebwe nkurwanda tuzorinda ubusugire bwigihugu cyacu hamwe nabaduhungiyeko Bose ,ibyobyose wateze u Rwanda ntabyo uzabona kuko turazi aho twavuye naho turiko turajya ,
    reka tubanze tuve muri Rwanda day I San Francisco kwiganirira nintore irushizindi impano Imana yatwihereye ariwe ntakubahwa wacu dukunda cyane twebwe abanyarwanda HE PAUL KAGAME

  • @ turaje, nezerwa himbarwa ntacumvuze kuruyumwa ariko ndagumije irizinaryawe harumusi nzokubwira ngo’ subiramwo bimwe wavuga mukwezi kwa 9 mumwaka 2016

  • HHHHHHH,Hutsi reka kuntwenza wa mugani wanyu !!!!! uwo munsi uteze Turaje hazaba habaye iki ubwo ndagutwenze gusa . wumvise igisubizo H.E KAGAME yatanze ejobundi nyuma y’ igihe kinini acecetse yarabihoreye ???? yaravuze ngo "NABO BARABIZI........."

  • Nukuri Nivyiza None Iyokarata Sim Igurwa Amafaranga 500f Bayidandazahehe? Kumengo Bazindandaza Kugihumbi. Ikibazo Nkakarorero Urumunyeshure Ufise Ikarata Yishure Woronka Ikarata Sim? Sawamurakozekunyishunziza Mumpa.

  • Limiter Yaje Hageze Emwe Yemwe Uvamakuru Yuwomuhora Uwivugamazina Ayavuge Ashima Ivyovyiza Vyarimitere Vuzenti Komerakumuheto Wajehageze.Atura Utiramba Muburudi .Limitele Iriho Kumbabanyagihugu.Banyagihugu Namwe Banyamahaga Ijukire Limitere Mubone Ivyiza Muburundi.Sezeye Vugati Amahoro Muburudi Narimitere.Ok Murabeho

  • ABANYESHUR MUBA MUKWIY KUDUHA AMAMENGA CANK SMS ZIRAMBA KUKO NIZO DUKUNDA GUKORESHA,NIYO UGUZ AYOMAYINIT,SMS CANK MEGA BAGUHAY BAGUTEGEKA KUZIKORESHA UMUSI UMW,URUMVA IVYO SIVYIZA.

  • ivyo birashimishije !Mwodutabara mukaturonsa confection y’a internet ikwiye ! none iyo 4g twoyikoresha murifone androïde tablette?3g yatwankiye kandi tuca turenza c.sim2 imwe ntimwoyidukabira?murakoze!

  • Nn Carte D Etudiant Muracayakira?Kojew Nshaka Sim Card.Igiciro Cayo Nangah?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.