IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > Lumitel yagenywe nk’umuhora wa mbere

Lumitel yagenywe nk’umuhora wa mbere

lundi 5 Kigarama 2016, par Jean De Dieu

Kuwa 29 Munyonyo 2016 mu gisagara ca Londres, mu gihugu c’Ubwongereza, igihe hariko hatangwa ubushimwe bwa “world communication awards 2016”, Lumitel yatewe iteka ryo kuronka ubushimwe bubiri bw’igiciro mu gisata c’amashirahamwe akomeye kw’isi no mu gisata c’amashirahamwe yateye intambwe bimwe biboneka mw’itumatumanako ry’amakuru.

Mu ntango z’ukwezi kwa Gitugutu, Lumitel yari yaronse umudari w’ifeza witiriwe “Startup of the Year” watanzwe na “International Business Awards 2016”. Mu kiringo c’amezi abiri gusa, Lumitel yaronse ubushimwe mpuzamakungu butatu bwose.

Umuhora wa Lumitel ufise ibibanza 600 birimwo ivyuma bifasha abanywanyi gutumatumanako amakuru hamwe na km 5,000 z’umuhora wa fibre optique ikwiragiye muma komine 129 kuri 129 agize igihugu c’Uburundi. Iryo shirahamwe ryatanguye ibikorwa muri Ntwarante 2015 ubu rikaba rifise abanywanyi bashika 1.500.000, ivyo bikaba ari ibice 46% vy’abakoresha terefone ngendanwa mu Burundi.

Uwo muhora kandi ni kizigenza mu guteza imbere ubuhinga bwa none mu ntumbero yo gushimisha abanywanyi bawo. Yarakwiragije hose ubuhinga bwa 3G mu Burundi biciye ku vyuma vyashizwe mu bibanza 266. Ninawo muhora wa mbere wazanye ingurukanabumenyi ya 4G mu Burundi. Ishingiye ku vyiza vy’umuhora wagutse kandi ushika hose, Lumitel yipfuza kwagura isoko mu kugwiza ikoreshwa ry’ihamagara, ubutumwa bugufi (message) na internet.

Vyongeye, Lumitel yarifatanije na Reta mw’iterambere ry’imibano mu gutanga amakarata yo kwivurizako kuri ba ntahonikora bo mu ntara za Makamba, Cibitoke na Kirundo.

Twobamenyesha ko “World Communication Awards” yatanguye mu mwaka w’1999, Agashimwe k’umuhora wa mbere gahabwa ishiramwe ryashoboye kumenyera kw’isoko ririko riratera imbere no gushobora gutora inyishu ku bibazo mu ntumbero yo gushikira iterambere mu budandaji no guteza imbere imibereho y’abanywanyi. Agashimwe k’izina nyaryo kw’isi gahabwa ishirahamwe ry’amamaye kandi ryamekanishije izina ryaryo hamwe no gushika kwihangiro ryishinze.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.