IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Massoud Djuma IRAMBONA yatanze imihoho mu mabanga yo kumenyereza Rayon (...)

Massoud Djuma IRAMBONA yatanze imihoho mu mabanga yo kumenyereza Rayon Sport

lundi 10 Mukakaro 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Massoud Djuma yavuze ko ahagaritse kumenyereza umurwi Rayon Sport kubera imvo ziwe bwite,ariko kandi harimwo ingene yafashwe n’abarongozi b’umurwi,gushika aho batahaye agaciro akazi yakoreye umurwi,hamwe n’ibijanye n’umwumvikano muke.

Naho yatanze imihoho mu kumenyereza umurwi Rayon Sport, umumenyereza Massoud Djuma arashima ingene abakunzi b’umurwi Rayon Sport bamufashe mu gihe yariko amenyereza uwo muri.

Yavuze ati : «Nimba hari abantu bamfashe neza ni abakunzi ba Rayon Sports. Ndibuka nkiza ubwa mbere hari mu gikombe ca StarTimes ndi umumenyereza wa wa kabiri,umuyobozi wa Rayon Sports arambaza ati kuki ushaka gutangurira kuri uru rukino, yagomba ikine na Kiyovu Sports, uzi ko dutsinzwe abakunzi bovuga ko ufise umukoshi? Ndatwenga ndamubaza nti ninde yakubwiye ko umuntu agira umukoshi, turayitsinda.»

Massoud Djuma yavuze ko ashimira abakunzi b’umurwi Rayon Sport kuko hari aberekanye ko bamukunda mu gihe cose yari amaze amenyereza uwo murwi.

JPEG - 159.1 ko
Massoud Djuma yahora amenyereza Rayon Sport

Naho yari agifise amasezerano yo kumenyereza umurwi Rayon Sport mu kiringo c’imyaka ibiri, Massoud yavuze ko ata mvo n’imwe yotuma asubira mu murwi rayon Sport,kuko nah ubuyobozi canke abakunzi bobimusaba atobikora kukoo yamaze gufata ingingo.

Umumenyereza Masoudi Djuma yafashije Rayon Sports gutahana igikombe c’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Rwanda,inyuma y’ico yaheruka gutahukana mu mwaka wa 2013.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.