Accueil > Inkino > Amahiganwa > Muyinga: Olympic Star na Messager Ngozi mu rukino rwa nyuma rw’igikombe (...)
Muyinga: Olympic Star na Messager Ngozi mu rukino rwa nyuma rw’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu
samedi 8 Mukakaro 2017
Urukino ruhuza Messager FC na Olympic Star y’i Muyinga rubera ku kibuga citiriwe Umuco kiri ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga,isaha icenda z’umuhingamo.
Umurwi utahukana igikombe uzoca userukira Uburundi mw’ihiganwa rya Confederation Cup ku mugabane wa Afrika.
Mu nkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma zabereye mu ntara ya Gitega,Umurwi wa Olympique Star watsinze ibitsindo bibiri ku busa bwa Muzinga, mu rundi rukino,umurwi wa Messager Ngozi watanye mu mitwe na Athletico Olympique,umurwi Messager Ngozi utsinda ibitsindo bitatu kuri kimwe ca Athletico Olympique.
MUGISHA Van Naris