IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > "Pay for me" : Hamagara urihirwe n’uwo uhamagaye

"Pay for me" : Hamagara urihirwe n’uwo uhamagaye

mercredi 6 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe Lumitel ribandanya ryorohereza abanwanyi baryo, aho ubu bashizeho igisata gishasha ca "Pay for me".

Uguhamagara kwanyu kubandanya kworoha kuruta uko vyahora kubera ubu mugiye gushobora guhamagara incuti n’abagenzi, naho muri ngendanwa yanyu ata ama inite mwoba mufise.

Mubifashijwe n’igisata "Pay for me" ca Lumitel, hamagara ataco mwinona kubera uwo muhamagaye ariwe abarihira amafaranga.

Mu gukoresha ico gisata, umunwanyi wa Lumitel asabwe gutanguza ibiharuro 812, imbere y’inomero y’uwo yipfuza guhamagara.

Akarorero: 81269696969, mugaca muhamagara.

Uwo bahamagaye nawe afise uburenganzira bwo kwemeza kwakira ihamagara kuko aca yemera no kuriha amafaranga y’uwumuhamagaye.

Ishirahamwe Lumitel ntaco ridakora kugira ribandanye kunezereza hamwe n’ukwiyegereza abanywanyi baryo.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.