IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Primus Ligue A: Umurwi Aigle Noir uri mu kibanza ca mbere ku rutonde (...)

Primus Ligue A: Umurwi Aigle Noir uri mu kibanza ca mbere ku rutonde nfatakibanza

lundi 25 Nyakanga 2017

Inkino zabaye ku munsi wa gatatu w’ihiganwa zagenze uku:

Delta Star 1-Ngozi City 3
Inter Star 2-Olympic Star 2
Les jeunes athletiques 0-Musongati FC 0
Aigle Noir 2-Le Lierres 1
Mesager Ngozi 1-Vitalo FC 0

Ku rutonde rw’infatakibanza,inyuma yo gutsinda umurwi Les lierres ibitsindo bibiri kuri kimwe,umurwi Aigle Noir w’i Makamba,uza mu kibanza ca mbere n’amanota indwi,mu kibanza ca kabiri haza umurwi Ngozi City n’amanota 7.

Imirwi Les lierres uza mu kibanza ca gatatu,LLBS4A mu kibanza ca kane na Messager Ngozi uza mu kibanza ca gatanu ifise amanota 6.

Inyuma y’umunsi wa gatatu w’ihiganwa, imirwi Flambea de l’Est wo mu Ruyigi, Messager Bujumbura na Delta Star wo mu Gatumba nta numwe uratsinda kuko igifise amanota ubusa umw’umwe.

Bitegekanijwe ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 25 Nyakanga 2017,umurwi Le Messager ukina n’umurwi Flambeau de l’Est isaha umunani,umurwi Athletico Olympique ukine na Flambeau du Centre isaha icumi,mu gihe kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 26 Nyakanga 2017,umurwi Bujumbura City uzokina na LLBS4A igihe c’isaha icumi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.