IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Primus Ligue B: Imirwi Delta Star na Jeunes Atletics ishobora kuduga mu (...)

Primus Ligue B: Imirwi Delta Star na Jeunes Atletics ishobora kuduga mu cicaro ca mbere

lundi 12 Ruheshi 2017

Ku munsi wa 13 w’ihiganwa rya primus Ligue mu cicaro ca kabiri, umurwi Delta Star watsinze umurwi Flambeau du Centre w’i Gitega, ibitsindo bitanu ku bitsindo bibiri, mu gihe umurwi Jeunes Atletics watsinze "Les elephants" igitsindo kimwe ku busa.

Inyuma y’izo nkino zo ku munsi wa 13, mu murwi A, Delta Star yaciye igira amanota 25, Flambeau du centre ya kabiri muri uwo murwi ugira amanota 22, mu gihe mu murwi B, Jeunes Athletics ufise amanota 27, umurwi wa kabiri BS Dynamik ukagira 23.

Hamwe iyo mirwi ibiri ariyo yoduga mu cicaro ca mbere, izoca isubira mu bibanza vyahoramwo umurwi wa Rusizi wahejeje ihiganwa ufise amanota 26, hamwe n’umurwi wa Muzinga wahejeje ihiganwa uri mu kibanza ca nyuma n’amanota 23.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.