IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Primus Ligue Burundi : Umurwi Messager Ngozi watahukanye igikombe (...)

Primus Ligue Burundi : Umurwi Messager Ngozi watahukanye igikombe c’umwaka

lundi 28 mai 2018

Gushika ku munsi wa kane igenekerezo rya 24 Rusama 2018,umunsi umurwi Messager Ngozi watsinda umurwi LLBS4 Afrika, ibitsindo bibiri kuri kimwe, iyo mirwi yose yari igihiganirwa ikibanza ca mbere.

Vyose vyadadanutse kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 26 Rusama 2018, inyuma y’urukino rwahuje Messager Ngozi na Olympic Star, kuko umurwi Messager Ngozi wasabwa gutsinda canke kunganya kugira utahukane ikibanza ca mbere.

Ukunganya hagati ya Messager Ngozi na Olympic Star, vyatumye umurwi Messager Ngozi ukwiza amanota 70, mu gihe LLBS4 Africa nawo naho watsinze Delta Star ibitsindo indwi ku busa, waciye ugira amanota 69.

Umurwi Messager Ngozi uzoca userukira igihugu c’Uburundi, mu nkino zo guhiganirwa igikombe, hagati y’imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo ku mugabane wa Afrika, mu mwaka wa 2018 ushira uwa 2019.

Mu gihe Messager Ngozi itahukanye igikombe, imirwi itatu nayo yakorokeye mu cicaro ca kabiri yaramaze kumenyekana. Iyo mirwi akaba ari : Inter Star, Les jeunes Athletics na Delta Star.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.