IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > Riha OBR ukoresheje LUMICASH

Riha OBR ukoresheje LUMICASH

vendredi 9 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe ry’ugutumatumanako Lumitel, riri kumwe n’ikigo OBR kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi mu Burundi, babazaniye ubuhinga bushasha, bubafasha kuriha amatagisi n’amakori mukoresheje Terefone ngendanwa zanyu, biciye muri « Lumicash. »

"Kuva ubu sinzosubira kubanza kugenda ibirometero n’ibindi ndiko nja kuriha amakori muri OBR. Umwanya nahora nkoresha nzowunguka, ndetse nunguke n’amafaranga nahora nkoresha mu kwiyunguruza nja ahakorera OBR.", uwo niwo munezero ugaragazwa n’umupfasoni Jeanne Ndabarushimana, inyuma y’aho ageragereje ubuhinga bushasha bw’ukuriha amakori muri OBR akoresheje Terefone ngendanwa yiwe.

Ubwo buhinga bugaragaje iterambere rya Lumitel mu bijanye n’ubuhinga, mu gushira ku rugero rugezweho uburyo bw’ukuriha amafaranga, hamwe n’uguteza imbere abakora ubudandaji mu Burundi.

Abanywanyi benshi ba Lumitel bakoresha Lumicash E-wallet, ubuhinga bworoshe kandi busanzwe kurusha ubundi bukoreshwa mu guhanahana amafaranga.

Mu guhanahana amafaranga hamwe n’ukuriha amafagitire hakoreshejwe Lumicash, umunywanyi agabanirizwa ibice bitanu kw’ijana vy’amafaranga yari gutanga kuri Lumicash. Ibikorwa vyose vyo kuri ubwo buhinga bitwara umwanya muto cane, ni ukuvuga amasegonda 20 canke 30.

Lumitel yabaye umuhora wa mbere watanze 4G mu Burundi, iryo shirahamwe rikaba kandi ribaye irya mbere ritanguje ubuhinga bw’ukuriha amakori n’amatagisi hakoreshejwe Terefone ngendanwa.

"Ubuzima buroroshe hamwe na Lumitel. »


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.