IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Sudani : Abakinyi b’intamba mu Rugamba bamaze amasaha arenga indwi ku kibuga (...)

Sudani : Abakinyi b’intamba mu Rugamba bamaze amasaha arenga indwi ku kibuga c’indege

vendredi 18 mai 2018

Amidou Hassan umumenyereza w’abanyezamu b’umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20, abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook, yanditse amenyesha ko , bashitse ku kibuga c’indege I Khartoum igihe c’isaha umunani n’igice z’ubucagucagu,ariko gushika ku mutaga ata muntu yari bwaze kubategera.

Amidou Hassan, yanditse ko vyabaye ngombwa ko bamwe bisinzirako bicurikiye ,abandi baryama hasi mu kwigorora maze bagabanye itiro n’uburuhe bw’urugendo bari batanguye gufata kuva bava i Bujumbura igihe c’isaha cumi n’imwe n’iminota 25.

Umumenyereza w’abanyezamu b’umurwi nserukiragihugu, yanditse amenyesha kandi ko bamaze hafi amasaha indwi bari ku kibuga c’indege.

Umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20 bagiye muri Sudani gukina urukino rwo gusubiriza rutegekanijwe kuw’Imana igenekerezo rya 20 Rusama 2018, inyua y’urwa mbere rwabereye ku kibuga Urukundo c’I Ngozi, Uburundi bukanganya na Sudani igitsindo kimwe ku kindi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.