IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > ’’Turashobora kuronka umurwi ukomeye’’-Daniella

’’Turashobora kuronka umurwi ukomeye’’-Daniella

mardi 30 janvier 2018

Inyuma y’ihiganwa rito ry’abatarenza imyaka 15 ryabaye kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 28 Nzero 2018,Daniella NIBIMENYA avuga ko, mu gihe abigeme bakina urukino rw’umupira w’amaguru boshigikirwa, Uburundi bwogira umurwi nserukiragihugu ukomeye.

Muri izo nkino, umurwi wa Etoile du matin wo ku Buterere niwo washoboye kuba uwa mbere, mu kibanza ca kabiri haza La Colombe Fc, Umutima Fc uba uwa gatatu, mu kibanza ca kane haza Fidelité Fc, nayo PVP Buyenzi ifata ikibanza ca gatanu.

Daniella NIYIBIMENYA arongera agashimira igihugu c’Ubudagi ku kungene cabafashe mu mugongo, na cane cane ingene cabafashije mu gutanga ubushimwe.

Umurwi wose ukaba waronkejwe imipira yo kwambara 10 hamwe n’umupira wo gukina, Etoile du matin yabaye iya mbere ikaba yaronkejwe akarusho mu guhabwa imipira yo gukina 2, imipira yo kwambara 10 udupira two kugiriramwo imyimenyerezo (Chassubles), hamwe n’amashesheti.

Daniella NIYIBIMENYA akaba adakekeranya ko ashobora kuronka umurwi nserukira gihugu w’abari munsi y’imyaka 17 ukomeye hamwe boronka ababafata mu mugongo.


BUKURU Pacifique

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.