IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Uburundi bwaserukiwe mu nama igira iya 68 y’Ishirahamwe FIFA

Uburundi bwaserukiwe mu nama igira iya 68 y’Ishirahamwe FIFA

mercredi 13 juin 2018

Amakuru dukesha urubuga rwa Twitter rw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, amenyesha ko igihugu c’Uburundi caserukiwe n’umukuru wa FFB, Reverien NDIKURIYO, umunyamabanga mukuru Jérémie MANIRAKIZA , n’umukuru w’umurwi ujejwe umutekano Alexis MUYENGE.

Ibindi vyizwe muri iyo nama ya FIFA, uretse gutora igihugu kizokwakira ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mwaka wa 2026, hemejwe icegeranyo c’ibikorwa, hatowe kandi amafaranga azokoreshwa mu kiringo ca 2019/ 2022, hongera hahanahanwa ivyiyumviro ku vyashikirijwe n’amashirahamwe y’umupira w’amaguru mu bihugu bitandukanye.

Igikorwa nyamukuru co gutora igihugu kizokwakira ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mwaka wa 2026, kirangiye igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Canada na Mexique arivyo bitowe.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.