IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ubuyobozi bwa Aigle Noir FC bwakiriye neza ingingo yafashwe n’umumenyereza (...)

Ubuyobozi bwa Aigle Noir FC bwakiriye neza ingingo yafashwe n’umumenyereza w’uwo murwi

samedi 21 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’ingingo y’ukwirukana abakinyi indwi mu murwi Aigles Noir FC, ubuyobozi bw’uwo murwi bwashikirije kandi ko imirwi ikeneye abo bakinyi isabwe kwegera umumenyereza mukuru kugira ayibwire ibisabwa kugira igure abo birukanwe.

Ku bijanye n’umukinyi NDAYISHIMIYE Yussufu yategerezwa kuja gukina mu yindi mirwi hanze y’igihugu, ubuyobozi bwa Aigle Noir FC buvuga ko ibiganiro vyamaze gutanguye kugira asubirizwe n’uwundi.

Abakinyi nabo bafatiwe ibihano basabwe kwegera ababijejwe kugira bahabwe udushirukabute batari bwahabwe tujanye n’imishahara yabo hamwe n’udushirukabute tw’inkino uwo murwi watsinze (primes de match, primes mensuelles). Utwo dushirukabutse bakaba ariko bazoduhabwa babanje gusubiza ibikoresho vy’akazi bisubizwa bahawe.

Mu murwi AIGLE NOIR w’i Makamba bavuga ko abo bakuwe ku rutonde bahagaritswe muri uwo murwi ku mvo z’uko badashaka kwubaha amategeko bahawe y’uko bategerezwa kuba bari i Makamba kw’igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2018, mu kibanza c’imyimenyerezo, ivyo mu gifaransa bita "Local".

Abo bakinyi indwi basezerewe muri AIGLE NOIR ni NDAYISHIMIYE Yussuf Nyange, NAHIMANA Moise, NAHIMANA Eloi Fils, NDIKUMANA Jean Etando, RUKUNDO Therence, IRAKOZE Yves hamwe na NDAYISHIMIYE Eric.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.