IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Alexis HAKIZIMANA Kitenge yahinduye umurwi

Umukinyi Alexis HAKIZIMANA Kitenge yahinduye umurwi

vendredi 26 Rusama 2017

Alexis HAKIZIMANA Kitenge yatanguye kumenyekana mu mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryo mu mwaka wa 2013 akinira umurwi wa Royal FC wari ufise icicaro mu ntara ya Muramvya.

Alexis HAKIZIMANA Kitenge niwe mukinyi wa mbere afise ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi mu mwaka w’2017, akaba kandi amaze gukinira umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba w’abatarenza imyaka 23.

Bitegekanijwe ko Alexis HAKIZIMANA Kitenge aja gukina mw’ihiganwa ry’igihugu ca Kenya, inyuma y’inkino zitegekanijwe zo mw’ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu.

HAKIZIMANA Alexis KITENGE ari mu rutonde rw’abakinyi 38 b’umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba, umumenyereza Olivier NIYUNGEKO aheruka gutumako, mu ntumbero yo kwitegurira inkino zo kurondera uburenganzira bwo gukina ihiganwa rya CAN na CHAN.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • NAJE.NDAFANA.UMURWI.LEAL.MADSRID.JEWE.NSANZWE.NDUMUKINYI WOKUMUPAKA.NAJE.NGO.MBA KO.NOKINA NKATERA.IMBER.JEWE.BANYITWA.YANO.NKINA.MUMURWI.WA.FC DRAGO.EXIPRES

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.