IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Amissi Cedrick agiye gukina mw’ihiganwa ryo mu gihugu (...)

Umukinyi Amissi Cedrick agiye gukina mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’abarabu

lundi 3 Mukakaro 2017

Amissi Cedrick yashize umukono ku masezerano yo gukinira umurwi Al Tawoun kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 1 Mukakaro 2017, inyuma yo gukorerwa ibipimo vy’amagara yiwe mu kibanza ca FIFA Medical Center i Dubai.

Umukinyi Amissi Cedrick yahora akinira umurwi wa Uniao Madeira wo mu cicaro ca kabiri mu gihugu ca Portugal, ari nawo uwundi murundi Christophe NDUWARUGIRA batazira Lucio akinamwo kuva bavuye mu murwi wa Tchibuto mu gihugu ca Mozambique.

Umukinyi Amissi Cedrik niwe yinjije igitsindo ca mbere mu bitsindo bitatu umurwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba watsinze umurwi nserukiragihugu wa Sudani y’Epfo, mu nkino zo kurondera uburenganzira bwo kuja mw’ihiganwa rya CAN 2019 rizobera mu gihugu ca Cameroun.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.